Umwana yarashwe mu mutwe yatashe

Satrin Osinya yasohotse ibitaro Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Satrin Osinya yasohotse ibitaro

Umwana muto cane wo muri Kenya yari afise urusoro mu bwonko, yasezerewe ibitaro ku murwa mukuru Nairobi atahanwa muhira

Abaganga bashoboye gukura urwo rusoro mu bwonko bw'uwo mwana mu kubagwa kwamaze amasaha atatu.

Uwo mwana w'umuhungu w'amezi cumi n'umunani, Satrin Osinya, yarashwe mu kwezi guheze mu gitero cabaye kw'isengero mu muji wa Mombasa.

Nyina yahasize ubuzima igihe yagerageza kumukingira.

Abandi bantu batanu barishwe igihe abantu bitwaje inkoho biyoberanije mu maso, binjira iryo sengero batangura kurasa abariko barasenga.