Igisasu cononye ibitaro mu Misiri

Uruhagarara ruracabandanya mu Misiri Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Uruhagarara ruracabandanya mu Misiri

Igisasu gikorewe muhira caturikiye ku bitaro mu bumanuko bwa Misiri gatoyi imbere y'uko bigenderwa n'umushikiranganji w'amagara, Adel al-Adawi.

Ico gisasu caterewe ku ruhome rw'ivyo bitaro mu ntara ya Qina, ku birometero 560 uvuye ku murwa mukuru Cairo.

Abajejwe gutegura ibisasu bavuze ko cari gikozwe n'uduhora tubiri, kamwe ka plastic, akandi k'icuma hamwe n'ifu ikoreshwa mu nkoho.

Abamenyeshamakuru bavuga ko bitaramenyekana nimba barondera bwana Adawi.

Mu mwaka uheze, umushikiranganji w'intwaro yo hagati, General Mohammad Ibrahim, yaratumberejwe n'abashaka kumwica.