Urubanza rwa Saif al-Islam rwatangiye

  • 14 Ukwa kane 2014
Image copyright Reuters
Image caption Saif al-Islam ari mu rukiko

Urubanza rwa Saif al-Islam, umuhungu w'uwahoze ari perezida wa Libiya, Muammar Gaddafi, rwatangiye.

Al-Islam araregwa ruswa n'ibyaha byakozwe mu ntambara.

Uyu mugabo araregwana hamwe n'abandi bategetsi bo mu rwego rwo hejuru muri Libiya.

Al-Islam ntiyari mu rukiko, ariko abandi, barimo uwahoze ari umukuru w'iperereza, Abdullah al-Senussi, n'uwahoze ari ministiri w'intebe, Baghdadi al-Mahmoudi, bari bahari.