Bouteflika yasubiye gutsinda

Abdelaziz Bouteflika mu mwaka uheze Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abdelaziz Bouteflika mu mwaka uheze

Umukuru w'igihugu wa Algeria, Abdelaziz Bouteflika yasubiye gutorerwa kurongora ico gihugu ku nshuro igira kane

Bwana Bouteflika yaronse amajwi arenga mirongo umunani na rimwe kw'ijana.

Kwitaba amatora yabaye ejo kwararenze gato mirongo itanu kw'ijana.

Abanyamakuru bavuga ko hari abo ayo majwi atanyuze, mu gihe n'imbere y'uko ivyavuye mu matora bimenyeshwa, uwutavuga rumwe na leta ari mu bakomeye yari yavuze ko amatora yabayemwo ubusuma burengeje.

Bwana Bouteflika amaze imyaka cumi n'itanu ku butegetsi, akaba akitswe n'amagara ku buryo yagiye gutora ari mu ntebe y'abagendana ubumuga.