Kurondera indege ya Malaysia bizomara ndwi

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ubwato bwa Australia bumanuye ubundi 'Bluefin 21' bwiteguye kuja munsi y'amazi kurondera indege NH370:14/04/2014

Ubwato bugendera munsi y'amazi buriko burashira ibimenyetso ahagarukira ikirere co hasi mu mazi bazozunguruka mur'ico gikorwa co kurondera.

Aho baciriye hari umuzunguruko w'ubwaguke kwa kilometero imwe.

Batumbereye ahagaragaye ibimenyetso bibaza ko vyaturutswe muri ca cuma bita 'boite noire' kibika amakuru ku biba mu ndege.

Ubwo bwato bita 'Bluefin' bwibiye incuro igira indwi munsi y'ibahari Indiano, aho bushika kuri kilometero 4000 munsi y'amazi.