Abanyamakuru bafatiwe muri Syria barekuwe

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abanyamakuru b'Abafaransa bagaragara nk'amameze neza bakimara kurekurwa 19/04/14

Abo banyamakuru bafatiwe mu mirwi ibiri itandukanye, batowe n'ingabo za Turkiya ku rubibe bihana na Syria.

Bari baboheye amaboko imugongo bafutse n'ibitambara mu maso.

Umwe mur'abo banyamakuru, Didier Francois, yavuze ko binezereje kubona yongeye kubona ijuru, inyuma y'amezi n'ayandi ari mu ngoyi.

Syria cabaye kimwe mu bibanza biteye impungenge ku banyamakuru kw'isi.

Abanyamakuru barenga 60 baramaze kwicwa kuva imigumuko yo kwiyamiriza ubutegetsi bwa perezida Bashar al Assad itanguye, haraheze imyaka itatu.