Ukraine: Abashigikiwe n'Uburusiya batewe

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ikirindiro ca Slaviansk aharashwe amasasu 20/04/14

Igipolisi n'abiyamiriza ubutegetsi bwa Kiev, bavuga ko umuntu umwe yahasize ubuzima, abandi benshi bagakomereka.

Uburusiya bumenyesha ko bwababajwe n'ico gitero bwitirira intagondwa zegamiye ku vyiyumviro bikumira ba kavantara.

Abashigikiye ubutegetsi bwa Ukraine bo bavuga ko ibivurwa kur'ico gitero bigaragaza agasotorano k'inzego z'umutekano z'Uburusiya.

Umukuru w'abegamiye ku Burusiya, yigize mukuru w'igisagara ca Slaviansk -Vyacheslav Ponomaryov- yasavye Uburusiya infashanyo ya gisirikare.