Ukraine ntiyubahiriza amasezerano- Lavrov

Sergei Lavrov, minisitiri w'ububanyi n'amahanga w'Ubrusiya. Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Sergei Lavrov, minisitiri w'ububanyi n'amahanga w'Ubrusiya

Minisiriti w'ububanyi n'amahanga wa Uburusiya, Sergei Lavrov, ararega ubutegetsi bwa Ukraine ko burenga ku masezerano yamerewe i Geneve mu cumweru gishize yo gukemura ikibazo cya Ukraine.

Yavuze ko leta ya Ukraine itaratangira kwambura intwaro imitwe ya gisirikare itemewe n'amategeko.

Muri ayo masezerano hagati y'u Burusiya, Ukraine, umuryango w'ibihugu by'uburayi n'Amerika, hemejwe ko Ukraine igomba gusenya imitwe ya gisirikare itemewe n'amategeko, hemejwe kandi ko abantu bigaruriye inyubakwa za leta bagomba kwambura intwaro kandi bakavamo.

Mu kiganiro yahaye abanyamakuru i Moscow, Sergei Lavrov yamaganye ubwicanyi bwabareye kuri bariyeri y'abantu bashyigiye Uburusiya mu burasirazuba bwa Ukraine ejo.

Lavrov yavuze ko ubwo bwicanyi bugaragaza ko leta ya Ukraine idafite ubushake bwo kugenzura intagondwa.