Umurundi yahawe agashimwe mpuzamakungu

Image caption Benjamin Bikorima yerekana agashimwe ke

Benjamin Bikorimana yahawe agashimwe mpuzamakungu ku mugambi wo guhingura amakara yosubirira ayi biti n'inkwi bikoreshwa mu guteka.

Bikorimana w'imyaka 36, yahawe ako gashimwe n'ikigo co muri Espagne, Business Initiative Directions (BID), gikurikirana ivyiyumviro bishasha n'ingene bishobora guteza imbere benevyo n'igihugu.

Uyu murundi avuga ko igikorwa ciwe gishobora gufasha gutora inyishu.

Ayo makara n'izo nkwi uko bukeye uko bwije niko bizimba n'ukubura bikabura kubera ibiti vyagabanutse cane.

Ayo makara ayahingura mu bishishwa vy'indya izarizo zose, ibibazurwa vy'ibiti, n'ivyatsi bandura mu ngo n'ahandi babironse hose, bakavyanikira bikuma, imashini ikabisya, iyindi ikabifatanya bigacika bwa tafari ari naryo ricanwa bwa makara.

Inyungu ku miryango

Bikorimana yatanguye akora amakara akoreshwa ku bikono binini binini nk'ivyo guteka indya z'abasirikare canke abapolisi ariko ubu ariko arakora amakara matomato ashobora gutekeshwa mu ngo.

Image caption Inkwi mbere yo gukorwamo amakara

Ibiro bibiri vy'ayo makara ku mafaranga ari hagati ya 500 na 700 y'amafaranga y'amarundi bishobora guteka bigahisha indya z'umuryango aho amakara asanzwe atwara 1500 canke ayarenga.

Uretse kuzimba ayo makara y'ibiti asigaye akenye kuko ibiti vyagabanutse cane mu gihugu.

Kw'itoni y'ayo makara, hahahurwa ko ari hegitari y'ibiti iba ikingiwe.