Urukiko rwangiye umuryango gutaburura Sankara

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Thomas Sankara, wahoze ari perezida wa Burkina Faso

Umuryango wa Thomas Sankara wagaragaje ko wababajwe no kubona ingingo yafashwe na sentare nkuru ivuga ko ata rwego rufise ubushobozi bwo gutegeka kuzura umubiri wiwe.

Bwana Sankara, wahoze ari umukuru w'igihugu wa Burkina Faso, yishwe mu 1987 igihe c'itembagazwa ry'ubutegetsi ryimitse perezida Blaise Compaore.

Abo mu muryango wiwe bavuga ko bataronse akaryo ko kubona ikiziga ciwe, bagasaba ko gutabururwa kugira abahinga basuzume icamwishe.

Umunyamakuru wa BBC ari muri Burkina Faso avuga ko abanyagihugu bagifise inyota yo kumenya ivyabaye kw'iyicwa rya Thomas Sankara, aho abatavuga rumwe na leta basaba inyishu ku bibazo birwerekeya.