Amatora muri Irak

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umutekano wongerewe muri Irak mu gihe cy'amatora

Umutekano wongerewe muri Irak mu gihe abaturage bari mu matora ya mbere y'abadepite kuva ingabo z'Amerika zivuye muri icyo gihugu mu 2011.

Haravugwaho ko hari ibihumbi by'abasirikare n'abapolisi birinze ahabera amatora.

Ministiri w'intebe, Nouri al-Maliki, ariyamamariza uwo mwanya ku nshuro ya 3, ariko ibikorwa byo kwiyamamaza byakomeje kurangwa n’imvururu zishingiye ku madini n’izindi mvururu.

Imodoka ntizemerewe kugenda mu mujyi wa Baghdad, aho Nouri al-Maliki yotoreye kuri hoteli.

Abiyamamariza ubudepite bararenga ibihumbi 9.

Umunyamakuru wa BBC uri i Baghdad avuga ko hari umwuka w’ubwoba.