Inkangu muri Afghanistani yahitanye benshi

Image caption Intara ya Badakhshan yibasiwe n'inkangu

Abategetsi b'Afghanistani baravuga ko bacyeka ko abaturage babarirwa mu magana bahitanywe n'inkangu yibasiye akarere ka Badakhshan.

Abandi bagera ku bihumbi bibiri ntibaramenyekana aho baherereye.

Uyu munsi ugize kabiri abajejwe gutabara bagikomeza kurondera abasidukiweko n'uyo musozi.

Birakyekwa ko abazibiranijwe n'itaka bose uko ari ibihumbi bibiri boba batakiriho.

Ejo hatowe ibiziga birenga 350, ariko ntawashoboye kurokorwa ari muzima.

Umuryango w'abibubye uravuga ko abagera ku bihumbi bine bataye ingo zabo.

Haracari ibikorwa byo gufasha biciririkiye, aho abahunze iyo nkangu bahawe amazi n'umugati.

Abenshi mu bapfuye bari abajejwe ibikorwa by'ubutabazi bahageze igihe cy'inkangu ya mbere.

Intara ya Badakhshan iri mu majyaruguru y'uburasirazuba bw'igihugu, hafi y'imbibi za Tajikistani, Ubushinwa na Pakistani