Amashure azomara 3 yugaye iAbuja

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Perezida wa Nigeria, Goodluck Jonathan

Muri iyo minsi Nigeria izokwakira inama mpuzamakungu ku butunzi (World Economic Forum) izotangura ku munsi wa gatatu.

Abantu barenga igihumbi bazokwakirwa mur'iyo nama.

Abategetsi ba Nigeria bavuga ko bategetse ibiro n'amashure kugara kugira vyoroshe uruja n'uruza mu mabarabara.

Umunyamakuru wa BBC avuga ko n'umutekano ushobora kuzoba ucungerewe cane, kubera hamaze kabiri habaye ibitero bibiri vyikwirikiranije bigahitana abantu barenga 90.

Umurwi Boko Haram waremanze ko ariwo wagavye igitero ca mbere.