Nigeria: Agahinda mu bavyeyi bibwe abana

  • 5 Ukwa gatanu 2014
Image copyright .
Image caption Perezida wa Nigeria Goodluck Jonathan

Umuvyeyi w'umwe mur'abo bana, yagirije leta ko itababwira ukuri, kandi ataco yabafashije, atari kubizeza gusa.

Perezida wa Nigeria Goodluck Jonathan, ejo aho yavuga ubwa mbere kur'ico kibazo c'inyuruzwa ry'abana, yavuze ko hazokorwa ibishoboka vyose kugira baboneke.

Ariko yemeye ko n'ubwo igisirikare cakomeje kurondera n'indege zikajamwo, atabo barashobora kubona.

Abo bakobwa bagera ku 200 banyurujwe bavanwa mw'ishure ryabo muri leta ya Borno, n'abakekwa ko ari abo mu murwi Boko Haram.