Alexis Sinduhije aridegemvya mu Bubirigi

Alexis Sinduhije
Image caption Alexis Sinduhije

Umukuru w'umugamwe MSD utavuga rumwe na leta y'u Burundi, Alexis Sinduhije, aridegemvya mu Bubirigi kuva ejo mw'ijoro

Uwumwunganira mu mategeko, Me Bernard Maingain, yabariye BBC ko Alexis yarekuwe ejo mu masaha ya saa tanu z'ijoro.

Ngo kandi yahawe uruhusha rwo kwinjira, visa, ku buryo ashobora kwidegemvya aho ashaka hose ku butaka bw'igihugu vyo mu muryango wa Buraya.

Bwana Maingain yavuze ko urwego rujejwe abanyamahanga rwo mu Bubirigi, rwakuyeko ingingo yo kumusubiza inyuma.

Ngo yari yahowe ko visa yasabiye i Njamena ku biro biserukiye u Bufaransa muri Chad, yerekana ko Sinduhije agiye mu Bufaransa ngo akaba yari afise gahunda yo guca ahandi.

Abajejwe umupaka ngo baciye bagira amakenga y'uko yoba adategekanya kuja mu Bufaransa nk'uko yasavye visa abimenyesha.

Bwana Maingain yabariye BBC ko yerekanye ko abajejwe umupaka bagize amakosa, ngo ntibategerezwa kumubuza kwinjira kubera izo mvo.

Abajijwe ibijanye n'umutahe wo gufata Alexis Sinduhije wasohowe na leta y'u Burundi, yavuze ko atibaza ko hari igihugu na kimwe ku mugabane wa Buraya kizowushira mu ngiro.

Ngo imvo zatanzwe muri uwo mutahe ntiyibaza ko hari agaciro zishobora guhabwa.

Umutahe mpuzamakungu ugumako

Ariko leta y'u Burundi yoyo ivuga ko imvo batanze z'uko Sinduhije yari mu bikorwa vyo kugumuka zumvikana, ngo gusa kuba ata masezerano yo guhanahana abaronderwa nico ntambamyi.

Image caption Laurent Kavakure

Umushikiranganji w'u Burundi ajejwe imigenderanire, Laurent Kavakure, yabariye BBC ko umutahe mpuzamakungu wo gufata bwana Sinduhije ugumako, ngo kandi bizera ko bizoshika agafatwa agashikirizwa ubutungane bw'u Burundi.

Sinduhije yagirizwa imigumuko

Umukuru w'umugambwe MSD, Alexis Sinduhije, yagirizwa n'ubutungane bw'u Burundi ibikorwa vy'ubugumutsi vyabaye itariki umunani z'ukwa Gatatu 2014.

Ico gihe Sinduhije n'abanyanyi biwe, bari bateguye imyiyerekano ihagarikwa n'abajejwe umutekano.

Baciye baja ku ngoro y'umugambwe MSD kugirirayo inama, abajejwe umutekano baje kuyibuza, abanywanyi ba MSD bafatamwo abapolisi babiri babagira imbohe.

Baje kubohozwa ku nguvu, hafatwa abanywanyi ba MSD benshi, bamwe muri bo bakaba barahawe igihano co gupfungwa ubuzima bwose, ariko Alexis Sinduhije yaciye mu myanya y'intoke ava mu gihugu.