Muri Afrika y'epfo baratora

Imirongo y'abaje gutora yari mire mire kuva mu gitondo Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Imirongo y'abaje gutora yari mire mire kuva mu gitondo

Abanye Afrika y'epfo bariko baratora mu gihe igihugu gikwije imyaka mirongo ibiri kuva havuyeko ubutegetsi bw'inkehwa z'Abazungu

Abanyamakuru bavuga ko hari imirongo mire mire ku biro vy'amatora, ngo hagaragara akanyamuneza, cane cane mu bantu batoye ku nshuro ya mbere, bavutse intwaro ivangura amako ya apartheid ivuyeko mu 1994.

Igipolisi carungitswe mu bice vyayemwo imyigaragamvyo hamwe n'uruhagarara rwa politike mu mezi aheze.

Umugamwe ANC uri ku butegetsi vyitezwe ko ariwo uronka amajwi menshi ashobora gushika ku mirongo itandatu kw'ijana.

Ariko ukwiyamamaza kwawo kwabangamiwe n'ibura ry'akazi ku bantu benshi hamwe n'igiturire.