Abarwanya leta ya Syria bavuye Homs

Abarwanya leta ya Syria bariko barava mu muji wa Homs Uwufise ububasha kw’isanamu m
Image caption Abarwanya leta ya Syria bariko barava mu muji wa Homs

Nyuma y'imyaka barwana n'abasirikare ba leta ya Syria, abitwaje ibirwanisho hamwe n'imiryango yabo bavuye mu muji wa Homs

Bisigura ko ibikorwa vyabo vyo kurwanya leta muri uwo muji biheze.

Umwotsi wagaragaye mu bice vy'umuji igihe bariko barawuvamwo; abahatuye bavuze ko abarwanyi baturiye utwabo twose twari ku birindiro vyabo.

Homs yarigeze kubonwa nk'umurwa mukuru w'abaharanira amahinduka.

Abo barwanyi bavuye muri uwo muji hakurikijwe umwumvikano wa ONU hamwe na leta.

Umunyamakuru wa BBC ari muri ako karere avuga ko abo barwanyi hamwe n'imiryango yabo bari bafise agahinda kenshi mu gihe bariko barava ahantu bari bararahiye ko batazokwigera bava.