Ijambo rikarishe rya Putin i Crimea

  • 9 Ukwa gatanu 2014
Vladimir Putin ntiyigeze avuga ku kibazo ca Ukraine
Vladimir Putin ntiyigeze avuga ku kibazo ca Ukraine

Umukuru w'Uburusiya, Vladimir Putin, yashikirije ijambo rikarishe isinzi ry'abantu i Crimea, mu rugendo rwa mbere ahagize kuva hacitse intara y'Uburusiya.

Ahanzwe amaso n'ibihumbi vy'abantu mu kiyaga Cirabura mu kivuko ca Sevastopol, bwana Putin yashikirije ijambo abasirikare bakora ku bwato bw'Uburusiya ahagaze mu bwato bwiwe.

Yabakeje kw'isabukuru y'intsinzi ku ba Nazi bo mu Budage mu gihe c'intambara ya kabiri y'isi.

Mu gihe uruhagarara rugikomeza hagati y'Uburusiya n'ibihugu vya Buraya kubera ikibazo co muri Ukraine, bwana Putin nta na kimwe yigeze abivugako.

Ubushikiranganji bwa Ukraine bujejwe imigenderanire bwiyamirije urugendo rwa bwana Putin i Crimea, buvuga ko Uburusiya buriko burunyura ikibazo n'ibigira nkana.