Kiir na Machar bose bari Addis Ababa

Imirwano yakwiye Sudani y'epfo yose mu kwa cumi na kabiri Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Imirwano yakwiye Sudani y'epfo yose mu kwa cumi na kabiri

Umukuru w'igihugu wa Sudani y'epfo, Salva Kiir, n'umukuru w'abarwanyi, Riek Machar, barahura imbonankubone ku murwa mukuru wa Ethiopia, Addis Ababa.

Uwo mubonano niwo wambere bagize kuva intambara yaduka muri Sudani y'epfo yose mu kwezi kwa cumi na kabiri.

Abo bagabo bombi bahuye n'umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia, Hailemariam Desalegn, umwe umwe wese babonana ukwiwe, akaba ariwe muhuza wabo.

Uwo mubonano uje haciye iminsi mike umuryango mpuzamakungu ONU usohoye icegeranyo cagiriza impande zombi ivyaha bihohotera ikiremwa mpuntu, harimwo kwica mu kivunga, kugira abantu abagaragu bo gusambanya hamwe no gusambanya ku nguvu.

Ibihumbi vy'abantu barishwe, abarenga umuriyoni nabo bateshwa izabo kuva imirwano itanguye mu kwa cumi na kabiri.