Itana mu mitwe muri Ukraine

Abarwanya leta i Donetsk Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Abarwanya leta i Donetsk

Amakuru ava mu buseruko bwa Ukraine avuga ko abantu benshi baguye mu mirwano hagati y'abasiriakre ba Ukraine n'abigaragamvya bashigikiye Uburusiya.

Iryo tana mu mitwe ryahitanye abantu ryabereye mu muji wa Mariupo.

Nk'uko amakuru ava muri uwo muji avuga, abashigikiye Uburusiya nibo bagenzura ibiro bikuru vy'igipolisi ku kivuko.

Amasanamu yashizwe ku mbuga nkoranyambaga yerekanye abasirikare ba Ukraine hamwe n'ibiduga vy'ingwano bariko barerekeza hagati mu muji wa Mariupo.

Vyagaragara ko bagamije gusubirana uwo muji uri mu karere ka Donetsk.

Abashaka kwiyonkora mu muji wa Donetsk bazogira amatora ya kamarampaka ejo kuwa Mungu, yo guhitamwo nimba bokwigenga.