Abaturage bateye Boko Haram

  • 14 Ukwa gatanu 2014
Uwufise ububasha kw’isanamu bbc
Image caption Umukuru wa Boko Haram, Abubakar Shekau

Amakuru aturuka muri Nigeriya aravuga ko abaturage bishe intagondwa nyinshi zo mu mutwe wa Boko Haram.

Iyo mirwano yatangiye ejo n'ijoro mu gace kitwa Kala-Balge mu ntara ya Borno.

Uwabonye uko byagenze yabwiye BBC ko abaturage, bashinze umutwe wo kwirwanaho, basubije inyuma igitero cyagabwe n'intagondwa zibarirwa mu majana, bicamo nyinshi.

Yavuze ko yabonye imirambo 50 mu murenge umwe, n'indi 150 ahandi, arakeka ko iyo mirambo yose ari iyi ntagondwa z’abayisilamu.

Uwo mugabo yavuze kandi i ko abaturage bafashe imodoka ntoya 3, n'imodoka imwe ya gisirikare.