Inama i Paris yo guhangana na Boko Haram

Ivyasambuwe na Boko Haram i Gamboru
Image caption Ivyasambuwe na Boko Haram i Gamboru

I Paris mu Bufaransa harabera inama igamije kuraba uburyo bwo guhangana na Boko Haram, iheruka kunyuruza abana muri Nigeria.

Uwo mugwi w'abarwanyi ba ki Islam mu kwezi guheze wanyuruje abakobwa b'abanyeshure bashika amajana abiri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria.

Umukuru w'igihugu wa Nigeria, Goodluck Jonathan agomba kwitaba iyo nama i Paris, ari kumwe n'abakuru ba Benin , Cameroun, Chad na Niger.

Leta zunze umwe za Amerika hamwe n'Ubwongereza navyo biritabira iyo nama, igomba kandi kwihweza ikimaze gukorwa n'umugwi w'abahinga warungitswe muri Nigeria kurondera abo bana.