Korea ya ruguru yasavye ikigongwe

Abajejwe intwaro muri Korea ya ruguru ntaco bavuga ku bahitanywe n'igorofa yaguye Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abajejwe intwaro muri Korea ya ruguru ntaco bavuga ku bahitanywe n'igorofa yaguye

Ku buryo budasanzwe Korea ya ruguru yasavye ikigongwe ku mugaragaro kubera igorofa yatemvye ku murwa mukuru Piong Yang mu ndwi iheze.

Biravugwa ko iyo nyubakwa ishobora kuba hari abo yahitanye.

Mu makuru ya mbere yatanzwe n'ibimenyeshamakuru vya leta, nta gitigiri c'abahasize ubuzima catanzwe.

Aariko hatanzwe amazina y'abategetsi bakuru, bivugwa ko aribo babibazwa ngo kandi basavye ikigongwe kubera gufata minenerwe ibikorwa vyo kwubaka iyo gorofa.

Ibinyamakuru vyerekanye amasanamu y'abantu bahuriye aho iyo nyubakwa yasidukiye bariko barumviriza umutegetsi.

Amakuru atangwa na Korea y'epfo avuga ko abantu amajana bashobora kuba barapfuye kuko imiryango yari imaze kwimukira muri iyo gorofa ya etaje mirongo ibiri na zitatu, kandi kuyubaka vyari bigikomeza.