Igitero c'indege i Jilib muri Somalia

Abasirikare b'umuryango w'ubumwe bwa Afrika birukanye Al Shabaab mu muji myinshi ya Somalia Uwufise ububasha kw’isanamu AFP ONU UA
Image caption Abasirikare b'umuryango w'ubumwe bwa Afrika birukanye Al Shabaab mu muji myinshi ya Somalia

Amakuru ava muri Somalia avuga ko habaye igitero c'indege mu muji wa Jilib ufiswe n'abarwanyi b'umugwi wa ki Islam, Al Shabaab.

Ababibonye bavuga ko ibisasu vyaguye i Jilib hamwe no mu mabarabara aja muri uwo muji.

Jilib ni umwe mu miji mike Al Shabaab isigaranye, ikaba kandi igenzura igice kinini c'ivyaro mu bumanuko hamwe no hagati ya Somalia.

Igitero ca gisirikare cagabwe mu kwezi kwa gatatu kuri Al Shabaab n'abasirikare b'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika hamwe n'aba leta ya Somalia, cirukanye uwo mugwi mu myiji myinshi.

Al Shabaab ariko iracabandanya kugaba ibitero i Mogadishu hamwe no muyindi mihingo.