Muri Malawi bari mu matora

Cumi n'umwe bitoza muri Malawi barahangaye cane
Image caption Cumi n'umwe bitoza muri Malawi barahangaye cane

Muri Malawi bari mu matora arimwo uguhiganwa gukomeye, umukuru w'igihugu Joyce Banda akaba ahanganye n'abandi cumi n'umwe.

Umupfasoni Banda yagiye ku butegetsi nyuma y'urupfu bwa giturumbuka rw'umukuru w'igihugu Bingu wa Mutharika.

Abanyamakuru bavuga ko ukwizerwa kwa Banda kwatosekajwe n'inkuru z'igiturire mu vyiswe Cashgate, vyatumye abaha imfashanyo Malawi bayihagarika.

Uwo mupfasoni yarahakanye yivuye inyuma ko ata ruhara yigeze abigiramwo.

Ubakomeye cane mu bo bahiganwa ni mwenewabo na bwana Mutharika ariwe Peter, co kimwe n'umuhungu w'uwahoze ari umukuru w'igihugu, hamwe n'uwundi yahoze ari umwigisha.