Haturitse ibisasu i Jos mu Nigeria

Igisasu caturikiye mw'isoko i Jos Uwufise ububasha kw’isanamu bb
Image caption Igisasu caturikiye mw'isoko i Jos

Haturitse ibisasu bibiri mw'isoko ryuzuye abantu mu muji wa Jos uri hagati mu gihugu ca Nigeria, bihitana abantu mirongo ine na batandatu.

Umunyamakuru wa BBC ari muri Nigeria avuga ko humvikanye urusaku rwinshi rw'ico gisasu.

Jos ni umurwa mukuru w'intara ya Plateau, iri hagati y'uburaruko butuwe n'aba Islam benshi hamwe n'ubumanuko bwiganjemwo Abakristu.

Uwo muji waramaze imyaka ubamwo ubwicanyi bufatiye ku madini n'amoko.

Amakuru y'ivy'ico gisasu aracaza.