Yaya na City ntibabibona kimwe

Yaya Toure ngo yafashwe nabi i Abu Dabi Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Yaya Toure ngo yafashwe nabi i Abu Dabi

Yaya Toure yashize kazoza kiwe muri Manchester City mu madidane, mu gushigikira ivyavuzwe n'uwumuhagarikiye, ko abatunzi ba City bagaye isabukuru y'amavuko yiwe y'imyaka 31.

Dimitri Sluk yabariye BBC Sport ko Toure vyamubabaje cane ngo kandi ashobora kuva muri City.

Toure ubwa mbere yabifashe nk'ibisanzwe kuri Twitter, agira ati: "Ntimugafate nka nkama amajamabo atavuye mu kanwa kanje."

Ariko mu nyuma yaciye yandika ati: "Ivyo Dimitri yavuze vyose nivyo. Aramvugira. Nzobisigura nyuma y'igikombe c'isi."

City yahaye Toure gato y'isabukuru bari mu ndege bagiye Abu Dhabi, ica yandika kuri Twitter imukeza mu gihe yari akwije imyaka 31 itariki 13 z'ukwa gatanu.

Ariko Seluk yavuze ko yiyumanganijwe n'abatwara City igihe umugwi washika muri Emirat Arabe Unis mu mpera z'indwi, guhimbaza intsinzi ya Premier League.