Ubuhinde: Narendra Modi yarahiye

Narendra Modi Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umushikiranganji wa mbere

Narendra Modi yarahiriye amabanga y'umushikiranganji wa mbere mushya w'Ubuhinde nyuma yaho ishyaka rye ry'abaHindu, BJP, ritsindiye amatora y'abashingamateka.

Abashikiranganji bagize leta ye nabo barahiriye amabanga mashya.

Inkoramutima ya Modi, Arun Jaitley, yabaye umushikiranganji w'imari naho umutegarugore Sushma Swaraj, umugore ukomeye mw'ishyaka BJP, aba umushikiranganji w'imibano n'amahanga.

Mu bari bitabiriye ibirori byabereye i Delhi, harimo umushikiranganji wa mbere wa Pakistan, Nawaz Sharif, wavuze ko ibiganiro bazagirana ejo kuwa kabiri, biza amahirwe akomeye yo kugirango ibihugu byombi bitangira imibanire mishya.