Somalia: Jenerali Aden Elmi yarusimbutse

General Elmi yarokotse Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Somalia

Umukuru w'igisirikare cya Somalia, General Dahir Aden Elmi yarokotse igitero i Mogadishu ku murwa mukuru wa Somalia.

Imodoka yaritwaye General Elmi yaturikijwe n'igisasu igeze hafi y'ibiro by'ubushikiranganji bw'ingabo z'igihugu.

Igisirikare cya Somalia gifatanije n'ingabo nyafurika barwanije umutwe wa kiyisilamu wa Al-Shabaab wigaruriye igice kinini cyo hagati no mu majyepfo y'igihugu.

Ejo kuwa kabiri abarwanyi ba Al-Shabaab bateye inkambi y'igisirikare iri hagati mu gihugu, bica abasirikare benshi ba Somalia n'abo muri Ethiopia.