Afghan: Afghanistan yarakajwe n'irekurwa ry'imfungwa

Umusirikare w'Amerika Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Sergeant Bowe Bergdahl

Leta y'Afghanistan yarakajwe n'umugambi Amerika yagiranye n'abaTaliban wo kurekura imfungwa z'abaTaliban 5 zari muri Guantanamo Bay, nabo bakarekura umusirikare w'Amerika wari warafashwe n'abaTaliban akajya muri Qatar.

Afghanistan yavuze ko guhererekanya imfungwa mu kindi gihugu bitandukanye n'amategeko mpuzamahanga.

Umukuru w'abaTaliban, Mullah Omar, yavuze ko kurekura imfungwa zabo 5 ari intsinzi ikomeye. Sergeant Bergdahl ubu ari kuvurirwa mu bitaro byo mu Budage.

Mu kiganiro bahaye abanyamakuru muri Amerika, ababyeyi be bavuze ko bataravugana n'umuhungu wabo kandi ko gukira kwe neza bizafata igihe.