Urwanda rurarega HRW gushigikira FDLR

  • 3 Ukwa gatandatu 2014
Ikirangantego ca HRW

Icegeranyo kirega ishirahamwe Human Rights Watch, kivuga ko uyo muryango wihisha inyuma y'ibikorwa biharanira uburenganzira bw'ikiremwamuntu.

HRW urerwa gutesha agaciro inzego z'ubutegetsi z'Urwanda nka polisi n'ubucamanza, ukaja no mu bikorwa bibangamira umutekano w'igihugu.

Ku gukorana hagati ya Human Right Watch na FDLR, icegeranyo ca leta y'Urwanda gitanga akarorera ku makuru yafashwe n'urwego rw'iperereza mu Rwanda, aho mu mpera z'umwaka uheze, umusirikare mukuru wa FDLR muri Congo yaha amategeko abantu bayo guca bamenyesha HRW amakuru yabo bafashwe canke baketswe.

Leta irarega kandi HRW ko itangaza amakuru idakoreye iperereza ricukumbuye kandi, ifise ubushake bwo guhanagura ingengabitekerezo ya jenoside ku mutwe wa FDLR. Uwo mutwe kandi ngo ukomeje kwinjiza ibirwanisho mu gihugu no guhungabanya umutekano w'Urwanda.

Leta y'Urwanda kandi irega uwo muryango ko utanga amakuru ahengamye ku bantu uvuga ko bazimiye canke ngo bapfunzwe mu buryo butemewe n'amategeko.

Ariko Human Rights Watch iravuga ko ata cengezamatwara ikorera FDLR.

HRW uvuga ko ari umuryango wigenga, ataho uhengamiye mu bibanza ukoreramwo vyose, harimwo no mu Rwanda.

Uwujejwe akarere k'ibiyaga binini muri HRW, Carina Tertsakian, yabwiye BBC ko uwo muryango ata mugambi ufise wo gutyoza ubutegetsi bwa Kigali.

Avuga ko ivyo HRW itangaza biba vyatohojwe haba mu Rwanda canke ahandi hose.

Carina Tertsakian avuga ko amakuru yose bahawe bayahuza, bakayasesengura, bakageza n'impungenge zabo kuri leta.

Ariko rero avuga ko niba leta itashimye ivyo HRW inegura bijanye no guhohotera kiremwamuntu, ngo ntikwiye kubigenderako ngo yagirize HRW icegenzamatwara ya FDLR.

HRW iravuga ko imbere yo gushira ahagaragara iperereza ryabo riheruka ku Rwanda, yavuganye n'inzego z'ubutegetsi harimwo umushikiranganji w'ubutungane.

HRW iremeza ko yavuganye kandi n'umukuru w'igipolisi ca Rubavu ku bantu baburiwe irengero, ndetse n'umuvugizi w'igipolisi ku bibazo HRW yakozeko iperereza.

Inyishu HRW yaronse ziturutse kur'abo bategetsi ngo yazishize mur'ico cegeranyo cayo giheruka.