Umugambi wa Obama mu buseruko bwa Bulaya

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Perezida Barack Obama (imbere) na perezida Bronislaw Komorowski 03/06/2014

Ageze muri Pologne aho yatanguriye urugendo arimwo aho mu buseruko bwa Bulaya, perezida Obama yavuze ko Leta zunze Ubumwe za Amerika ziteguriye uyu mugambi mu buryo bukomeye kandi ntasubirwamwo.

Ibiri muri uyu mugambi, bibwirizwa kubanza kwemezwa n'inama nshingamateka, birimwo kongereza igitigiri c'abasirikare n'imyimenyerezo muri ako karere.

Mu kiganiro yahaye abanyamakuru ari kumwe na mugenziwe wa Pologne, Bronislaw Komorowski, bwana Obama yasavye ashimitse Uburusiya guhagarika ico yise "gusukira " abarwanyi n'ibirwanisho mu buseruko bwa Ukraine.