Umukwabu wakuwe mu bice vya Thailand

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abari mu myiyerekano muri Thailand, berekana indamutso y'intoke zitatu 03/06/2014

Amategeko y'umukwabu amaze gufatwa incuro icenda, yarangiye muri Koh Samui, Pattiya na Phuket.

Ariko umukwabu -wafashwe mu kwezi guheze kubera guhirika ubutegetsi- uzokomeza kubahirizwa ahandi hose mu gihugu hasigaye, harimwo na umurwa mukuru Bangkok.

Igisirikare cavuze kivyeruye ko kitazokwihanganira uwinuba ubutegetsi bwaco.

Cagabishije kandi abo bose bashobora kwitabira imyiyerekano, canke bakoresha indamutso yo kuduza intoke zitatu, ari nayo kimenyetso abatavuga rumwe n'ubutegetsi bakoresha.