Uburundi bwirukanye uwundi mukozi wa BNUB

Uwufise ububasha kw’isanamu non credit
Image caption Ikarata ndondabihugu yerekana Uburundi

Abednego Mutua, asanzwe akora akazi ko gucungera umutekano muri BNUB, yafatiwe ku kibuga c'idege ca Bujumbura kw'itariki 25 z'ukwa gatanu, afise udusaho babikamwo amasasu.

Ejo ku munsi wa kabiri niho yashikirizwa ibaruwa rimusaba gukura meza mu kiringo kitarenze amasaha 48.

Umuvugizi wo mu bushikiranganji bw'imigenderanire y'Uburundi n'amakungu, Daniel Kabuto, yabwiye BBC ko uwo mukozi wa BNUB n'ubwo asanzwe akora akazi ko gucungera umutekano, mur'ico gihe yafashwe atari mu kazi ahubwo yari atashe mu karuhuko.

Bwana Daniel Kabuto aravuga kandi ko mu bisanzwe, mu gihe umuntu ashaka gucisha ibirwanisho ku kibuga c'indege abimenyesha imbere y'igihe, abajejwe ikibuga, agashikiriza n'amakete inzego zibijejwe imbere yo gushika ku kibuga.

Ku kibazo c'uko uwo mukozi wa BNUB atari uwa mbere yirukanywe mu Burundi, bwana Kabuto avuga ko ivyatumye yirukanwa ataho bihuriye n'uwa mbere yasabwe gukura meza mu kwezi kwa kane uyu mwaka nyene.

Yibukije ko uwa mbere yarukanywe kubera ibaruwa yarungikiye inama nkuru y' umutekano kw'isi, yavuga ko leta y'Uburundi iriko iraha ibirwanisho urwaruka ruhurikiye mu mugambwe uri ku butegetsi, kandi ngo atari vyo.

Arahakana ko ata bibazo biri hagati ya BNUB na leta y'Uburundi, akavuga ko umuntu akoze amakosa ayahanirwa ku gatwe kiwe.