Ubutumwa SMS bwaciwe muri Centrafrika

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption SMS zabujijwe muri Centrafrika 04/06/2014

Abategetsi ba Centrafrika bavuga ko iyo ngingo izofasha kugarura umutekano mu gihugu.

Umutekano umaze igihe warahungabanye muri ico gihugu kubera indyane hagati y'imirwi y'abanyagihugu.

Kubuza ikoreshwa ry'ubutumwa bugufi SMS bije inyuma y'iminsi haba imyiyerekano yaranzwe n'ubugizi bwa nabi, no guhamagarira abantu kuja muri yegereyegere.

Amakuru ajanye n'iyo myiyerekeno ndetse na yegereyegere, yakwiragizwa hakoreshejwe ubutumwa bugufi kuri telefone ngendanwa SMS.