Polisi ya Canada irahiga umuntu yarashe.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abapolisi muri Moncton 050614

Uwo muji ubu nta muntu ahaboneka kubera abanyagihugu bakurikije amabwiriza y'abapolisi babasavye kuguma biyugaraniye mu mazu yabo.

Igipolisi kiriko kirakizura imicungararo yo mu mu buraruko bw'uyo muji, bifashishije imodokari ntamenwa.

Bavuga ko uwuhirwa ari uwuba mur'uwo muji yitwa Justin Bourque, w'imyaka 24.

Abanyamakuru baho bavuga ko azwi nk'umuntu akunda cane kwitwaza ibirwanisho kandi ateye kubiri n'umugambi wo kugenzura abatwara inkoho.