Impungenge za Amerika ku bafatwa mu Rwanda

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Perezida Paul Kagame

Ivyo kandi ngo bikorwa bataragezwa imbere y'ubucamanza, nk'uko bivurwa n'icegera c'umuvugizi w'ubushikiranganji bw'imigenderanire n'amakungu.

Marie Half aravuga ko mu baburiwe irengero harimwo abanyamakuru, abo mu miryango itegamiye kuri leta, n'abayobozi bo mu nzego z'intango barerwa ibivurwa ko ari ibikorwa vy'iterabwoba no guhungabanya umutekano.

Yabwiye abanyamakuru ko Amerika inejerejwe n'uko abategetsi b'Urwanda baherutse gufata ivyemezo vyo kubashikiriza ubutungane.

Ariko ngo batewe impungenge n'abasigaye bafungiwe mu mazu atazwi kandi mu buryo butemewe n'amategeko.

Marie Half yavuze ko leta zunze Ubumwe za Amerika zaganiriye n'abategetsi b'Urwanda, ku mpungenge bafise z'uko uburenganzira bwa kiremwa muntu butubahirizwa neza, harimwo uburenganzira bwo kuvuga ico umuntu yiyumvira.

Amerika ngo yasavye Urwanda ko abo bose bakurikiranwa, bicishwa mu buryo bw'amategeko y'Urwanda, n'ivyo ico gihugu cemereye amakungu kubahiriza, birabana n'uburenganzira bwa kiremwa muntu.

Hagati aho, umukuru w'igihugu c'Urwanda uyu munsi yashikirije amajambo asa n'ayasubiza kur'izo mpungenge zivurwa na Leta zunze Ubumwe za Amerika.

Perezida Paul Kagame yavuze ashimitse ko abashaka kumenya ukuntu Urwanda rufata uburemere bw'umutekano w'abanyarwanda, ruzobibereka izuba riva.

Ku bavuga ko ango abantu baburiwe irengero canke bafashwe, perezida Kagame yavuze ko uretse gufatwa, ikigiye kongerako ari uko bagiye no kuraswa izuba riva