Putin na Poroshenko bahuye ubwa mbere

  • 6 Ukwa gatandatu 2014
Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Perezida Petro Poroshenko (araba imbere) ari kumwe na perezida Vladmir Putin (iburyo) 06/06/2014

Abategetsi b'Ubufaransa bavuga ko mur'uwo mubonano utari wateguwe ku mugaragaro, bahujwemwo na perezida w'Ubufaransa Francois Hollande, bemeye kuzoganira ku kibazo ca Ukraine.

Bemeranije guhura mu minsi iza, bakazoganira ku kibazo co gutanga agahengwe, intambara zigahagarara mu buseruko bwa Ukraine.

Abategetsi b'Ubufaransa bavuga kandi ko abo bagabo bompi bavuganye ku ngaruka z'ubutunzi, zaturutse ku kibazo ca Ukraine.

Hagat'aho abategetsi b'Ubufaransa bavuga kandi ko perezida Obama yoba yabonanye gatoya na perezida Putin, aho nyene mu birori vyo kwibuka imyaka 70 igitero ca Normandie kigabwe.