Ubwicanyi bwahitanye abarenga 27 muri Kivu y'epfo

Image caption Ikarata ya DR Congo

Ababibonye bavuga ko mu bahasize ubuzima harimwo abana umunani n'abagore bagera kuri 14.

Ubwo bwicanyi bwabaye mw'ijoro ryakeye mu gace ka Muturule.

Ukorera ikigo c'itangazamakuru Reuters yahageze, avuga ko benshi mu bishwe bigaragara ko barashwe, abandi baterwa ivyuma, abandi baraturirwa.

Bamwe baguye mw'isengero abandi mu mihana yo hafi yaho.

Abapfuye bose ni abo mu bwoko bw'afurero.

Umwe mu bategetsi bo muri ako karere, yabwiye iyandikiro ry'abafaransa AFP ko bikekwa ko ubwo bwicanyi bwoba bwaturutse ku kwihora hagati y'amoko apfa uburagiro bw'ibitungwa.