Ukraine: Perezida Poroshenko yarahiye

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Perezida Petro Poroshenko

Bwana Poroshenko, yatsinze amatora mu kwezi guheze, yavuze ko ashaka gutsimbataza imigenderanire n'ishirahamwe rya Bulaya.

Yiyemeje kurangiza intambara hagati y'ingabo za Ukraine n'abashaka kwiyonkora bashigikiwe n'Uburusiya mu buseruko bw'igihugu.

Ariko ntiyasobanuye uburyo azobigenza mu kurangiza izo ntambara.

Ejo bwana Poroshenko yari yemeye gutangura ibiganiro na perezida w'Uburusiya ku kibazo c'ubuseruko bwa Ukraine.

Bwana Putin yavuze ko bikwiye kubanza guhagarika intambara imbere yo gutangura ibiganiro.