Abdel-Fattah al-Sisi yarahiye

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abashigikiye Sisi

Abagize leta n'abandi bategetsi kumwe n'abanyacubahiro benshi bari bitavye ivyo birori.

Ibirori vyatangujwe n'ururirimbo rwo guhayagiza igihugu, bongerako amajambo yo muri koroani.

Uwo mukuru w'igihugu mushasha aza gusanganizwa n'indamutso yo kurasa hejuru amasasu 21.

Abdel-Fattah al-Sisi, yahoze ar'umukuru w'igisirikare, yatsinze amatora yo mu kwezi guheze n'amajwi 97%.

Ayo matora abatavuga rumwe na leta ntibayagiyemwo, nayo abayitabiriye ntibarenze 50%.

Umutekano urarinzwe cane hirya no hino mu muji.