Amahinduka mu Buhinde

Uwufise ububasha kw’isanamu PIB
Image caption Perezida w'Ubuhinde Pranab Mukherjee yatanje imigambi mishya

Leta nshya y'Ubuhinde yatangaje umugambi wihuta wo kugira amahinduka mu bukungu.

Iyo leta kandi iravuga ko itazihanganira na busa umuntu uzahohotera abagore.

Mw'ijambo yagejeje ku nteko ishinga amategeko, perezida Pranab Mukherjee, yijeje ko leta izatanga amazi, amashanyarazi n'imisarani kuri buri rugo mu gihe cy'imyaka 8 iri imbere.

Yavuzeko leta nshya ifite umugambi wo kurwanya ihungabana ry'agaciro k'ifaranga, ikanashishikariza abanyamahanga gushora imari mu gihugu hamwe rero no kubaka imijyi mishya 100.

Abacuruzi n'amasoko y'amafaranga bakiriye neza uwo mugambi, ariko ishyaka ritavuga rumwe n'ubutegetsi rya Congress rivuga ko ayo ari amagambo yo kuryoshya abantu gusa.