Mbonimpa araguma muri gereza

Image caption Pierre Claver Mbonimpa umaze igihe afunze

Sentare isubiramwo imanza ya Bujumbura yemeje ko umukuru w’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Pierre Claver Mbonimpa aguma apfunzwe.

Mbonimpa amaze indwi zirenga zitatu afashwe yagirizwa guhungabanya umutekano w’uburundi mu kuba yavuze ko hari imisore y’abarundi ihabwa inyisgisho za gisirikare muri Congo.

Icizere caheze ko bari bamaze iminsi basenerera basaba ko umukuru wa APRODH Pierre Claver Mbonimpa arekurwa kugira aburane yidegemvya.

Sentare isubiramwo imanza yemeje ingingo yari yafashwe na sentare nkuru ya Bujumbura ku wa gatanu uheze.

Ubu hatanguye igihe c’umunyororo atawuzi igihe kizomara gushika urubanza ruciwe kugira amenye ko yeze canke yagiriwe n’icaha.

Ku bwa Armel Niyongere, umwe mu bunganira Pierre Claver Mbomimpa, ingingo ya sentare isubiramwo imanza yo kwemeza iyari yafashwe na sentare nkuru ya Bujumbura nta handi bashobora kuyungururiza.

Ariko ngo barashobora kwandikira umushikirizamanza mukuru kugira bamusabe gutezurira uwo baburanira mu gihe umushirizamanza amukurikirana aba ataramushikana imbere ya sentare.

Bidashobotse ni ukurindira ko urubanza ruzohamagarwa mu ntahe y’icese kugira ruburanishwe mu mizi, isango naryo rikaba rishingwa sentare iravye izindi manza iba isanganywe ku rutonde.

Umukuru wa APRODH amaze indwi zirenga 3 afashwe yagirizwa guhugabanya umutekano w'igihugu imbere n'inyuma yaco mu kuba yaravugiye ku ma radiyo ko hari abasore b’abarundi bakoreshwa bwa basirikare muri Congo ihana urubibe n’u Burundi.

Avuga kandi ko hari n’abaguyeyo mu bitero.

Mu vyo yerekanye navyo nk’ivyemezo abapolisi bavuze ko basanzemwo ifoto ataho ihuriye n’ivyo yavuga, ico kiba kibaye ikindi caha.

Gushika ubu leta yagumye ihakana ko ata rwaruka rw’abarundi ruri muri Congo ariko amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu asaba ko hoba amatohoza ku vyavuzwe hakurondetra kunumya ababivuze.