Al Shabaab yemeje ko yateye muri Kenya

  • 16 Ukwa gatandatu 2014
Al Shabaab yemanze igitero c'i Mpeketoni
Image caption Al Shabaab yemanze igitero c'i Mpeketoni

Umugwi w'abarwanyi ba ki Islam wo muri Somalia, Al Shabaab, wemeje ko ariwo wagavye igitero mu muji uri mu buseruko bwa Kenya, kigahitana abashika 48.

Abantu bitwaje inkoho barashe abanyagihugu banaturira amahotero, ibiro vy'igipolisi hamwe na station y'ibitoro i Mpeketoni, hafi y'izinga rya Lamu mw'ijoro ry'ejo kuwa Mungu.

Umunyamakuru wa BBC yashitse kuri ivyo biro yavuze ko hari hakimota ibintu vyahiye, anabona imyotsi igifurufumba ku miduga yaturiwe.

Yavuze ko yabwiwe ko abo bitwaje inkoho babwirije abantu kuvuga imirongo ya Koran, bibananiye bagaca babarasa.

Al Shabaab yavuze ko ivyo yabikoze mu gusubiriza Kenya mu ndumane kubera yarungitse abasirikare muri Somalia, hamwe n'ihohoterwa rigirirwa aba Islam muri Kenya.