Igitero cy'abarwanyi cyahitanye benshi muri Kenya

Igitero cyibasiye Kenya Uwufise ububasha kw’isanamu KTN Kenya
Image caption Abarwanyi bitwaje intwaro bagabye igitero hafi y'ikirwa cya Lamu

Abategetsi muri Kenya baratangaza ko abantu 48 bishwe barashwe mu gitero mu mujyi wegereye inkommbe hafi y’ikirwa cya Lamu, ahantu hakundwa n’abakerarugendo cyane.

Igipolisi cyavuze ko abarwanyi b’umutwe wa kislamu wa al-Shabaab, ukorera muri Somaliya bateye amahoteli menshi na sitasiyo ya polisi mu mujyi wa Mpeketoni.

Umuvugizi w’igisirikare, Major Emmanuel Chichir yavuze ko indege zikora iperereza zoherejwe gushakisha abagabye igitero.