Irake ihanganye n'abashaka gufata Baghdad

Abajejwe umutekano muri Irake barakumira ngo Baghdad igume itekanye Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abajejwe umutekano muri Irake barakumira ngo Baghdad igume itekanye

Abajejwe umutekano muri Irake bararwana n'abarwanyi ba ki Islam hamwe n'Abasuni barwanya leta yiganjemwo aba Shia, bagerageza kwegereza Baghdad.

Mw'ijoro ryakeye, umugwi ISIS hamwe n'iyindi migwi y'abarwanyi yigaruriye umwanya muto ibice vy'umuji wa Baquba, wa nyuma uri kw'ibarabara ryerekeza ku murwa mukuru.

Ariko abajejwe intwaro babariye BBC ko basubiranye uwo muji wose.

Ahandi havugwa imirwano ikomeye ni mu bice vyo mu burengero bituwe n'Abasuni benshi, mu ntara ya Anbar, aho abarwanya leta bigaruriye uturere twinshi.

Mu buraruko, abasirikare ba leta bariko baragerageza gusubirana umuji wa Tal Afar wafashwe ejo kuwa mbere.

Leta zunze umwe za Amerika zarungitse abasirikare bashika ku majana abiri na mirongo indwi na batanu bo gukingira abakozi ba Amerika hamwe n'imitungo yayo biri muri Irake.