Abarwanyi banyuruje abagore muri Kenya

Abateye hafi ya Mpeketoni basize baturiye amahoteri Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Abateye hafi ya Mpeketoni basize baturiye amahoteri

Abanyekenya baba mu bigwati abarwanyi baraye bateye, babwiye BBC ko banyuruje abagore bashika ku mirongo ibiri.

Abantu barenga mirongo itandatu nibo bimaze kumenyekana ko basize agatwe mu bitero vyabaye amajoro abiri akurikirana mu micungararo y'umuji wa Mpeketoni.

Ishirahamwe ritabara imbabare, Croix Rouge, ryo muri Kenya rivuga ko abantu bashika ku mirongo itanu atawuzi irengero ryabo.

Kenya ikeka "amabandi"

Umugwi w'abarwanyi ba ki Islam wo muri Somalia, Al Shabaab, uvuga ko ariwo wagavye ivyo bitero, ariko umukuru w'igihugu wa Kenya, Uhuru Kenyatta, yavyegetse ku migwi y'amabandi yo muri ako karere.

Al Shabaab ivuga ko izobandanya ibitero muri Kenya gushika ico gihugu gikuye abasirikare baco muri Somalia.

Mu 2011 Kenya yarungitse muri Somali abasirikare bo gufasha leta y'ico gihugu gutsinda Al Shabaab.