Igipolisi ca Kenya cafashe abakekwa gutera

  • 18 Ukwa gatandatu 2014
David Kimaiyo avuga ko abakekwa gutera bariko barafatwa
David Kimaiyo avuga ko abakekwa gutera bariko barafatwa

Umukuru w'igipolisi ca Kenya avuga ko hari abantu bamaze gufatwa bakekwa kugaba ibitero bibiri mu micungararo ya Mpeketoni.

Umukuru w'igipolisi, David Kimaiyo, yavuze ko umwe mu bafashwe yagirizwa gukoresha urubuga nkoranyambaga mu kuvuga ko umugwi wa ki Islam, Al Shabaab ariwo wagavye ivyo bitero.

Umukuru w'igihugu wa Kenya, Uhuru Kenyatta, yarahakanye ko ari Al Shabab, yagavye ivyo bitero, vyahitanye abantu barenga mirongo itandatu.

Yavyegetse ku bategetsi bo muri ako karere, avuga ko bwari ubwicanyi bwateguwe neza bufatiye ku moko.