Taylor yongeye gusaba kujanwa mu Rwanda

  • 19 Ukwa gatandatu 2014
Charles Taylor ashaka gufungirwa mu Rwanda aho umuryango wiwe womuramutsa Image copyright AP
Image caption Charles Taylor ashaka gufungirwa mu Rwanda aho umuryango wiwe womuramutsa

Uwahoze ari umukuru w'igihugu wa Liberia, Charles Taylor, yashingishije urubanza yiyamiriza gufungirwa mu Bwongereza.

Charles Taylor ari mw'ibohero mu Bwongereza aho ari mu gifungo c'imyaka mirongo itanu nyuma yo guhamwa n'ivyaha vyo guhohotera ikiremwa muntu.

Avuga ko kuba afungiwe mu Bwongereza, bimubuza uburenganzira bwiwe bwo kugira umuryango.

Yahamwe n'ivyaha vyo gusambanya ku nguvu, ubwicanyi hamwe no gukoresha abana mu gisirikare mu gihe c'intambara yo muri Sierra Leone.

Abamwunganira bavuga ko kuba afungiwe mu Bwongereza bihonyora uburenganzira bwiwe kuko ari kure cane ya Afrika, ku buryo umugore wiwe n'abana cumi na batanu badashobora kumuramutsa.

Bavuga ko ahubwo yari akwiye gufungirwa mu Rwanda, co kimwe n'izindi mpfungwa zahamijwe ivyaha na sentare ya ONU yihariye kuri Sierra Leone.

Abunganira bwana Taylor bavuga kandi ko atinya kugirirwa nabo n'izindi mpfungwa mw'ibohero rya Frankland riri mu buraruko bw'Ubwongereza.