ONU iragabisha kw'iterabwoba muri Afrika ya ruguru

Abarwanyi ba ki Islam mu buraruko bwa Afrika babangamiye akarere kose Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abarwanyi ba ki Islam mu buraruko bwa Afrika babangamiye akarere kose

ONU iragabisha ko ubwicanyi bukorwa n'abarwanyi ba ki Islam mu buraruko bwa Afrika, bushobora guhungabanya akarere kose.

Ibihugu bitatu bibangamiwe cane ni Nigeria, Libya na Mali.

Ariko icegeranyo cashikirijwe umugwi w'umutekano wa ONU kivuga ko ibitero mu turere twa Sahel na Magreb vyiyongereye gushika ku 60% mu mwaka uheze.

Ico cegeranyo kivuga ko ubukene bw'ikirenga ari kimwe mu biteza izo ngorane, mu gihe urwaruka rutagira akazi rukwegwa n'abarushiramwo ivyiyumviro vy'ubutagondwa.

Umunyamakuru wa BBC anavuga ko ico cegeranyo kandi kinenga uburyo ONU ikoresha mu guhangana n'ibibazo vy'umutekano hamwe n'iterambere rike muri ako karere.